Ico n'ikibazo gikunze kugarukwako na benshi mu bubatse, kuko baba bameze nkaho umengo bari mw'ihiganwa.
Iki kibazo, carasubijwe n'umuhinga mu bijanye n'imyororokere, aho yerekanye ibituma umugore azana amazi bitagoranye.
Uwo muhinga yamenyesheje ko ata Formule ihari yokoreshwa ngo umuntu abashe kuzana amazi, ahubwo ngo ukurekura umubiri wiwe nivyo bituma abasha kuzana amazi.
Uwo muhinga yerekanye ko ukumara igihe ukora iryo banga, ukamenyera umubiri wawe, ukamenya ibikuryohera, ukamenyera n'uwo murikumwe, ari kimwe mu bituma ayo mazi aza ata kibazo kibayemwo.
Nayo abagore barenza imyaka 35 ngo nibo bakunze kuzana ayo mazi, kuko baba bamaze kumenyera umubiri wabo, n'uwo baba bariko barakorana iryo banga, noneho bigatuma arekura umubiri wiwe, ya mazi nayo akabona kuza.
Ariko naho havuzwe imyaka ngo ntibikuraho ko hari ababa bakiri bato babasha kuyazana, kuko mwibuke neza ko ibanga ari ukwimenya n'ukumenyera gukora ca gikorwa.
Uwo muhinga akaba ataretse kuvunira akagohe abagabo bashobora kubona umukobwa azana ayo mazi, akiri muto, bakibaza ko ashobora kuba yaricuruje, canke yaryamanye na benshi.
Uwo muhinga yemeza ko atarivyo na gato, kuko imibiri y'abantu iratandukanye, arico gituma ukuyabona kuri uyu bishoboka ko yabikoze cane, canke afise umubiri wirekuye gusumba uwundi.
Ikindi yatanzeko umuco n'ingano y'amazi aboneka, ngo bose ntibazana ayangana kuko imyanya myibarukiro yabo iratandukanye, kandi no kuribo nyene, ngo amazi yabonetse uno musi siyo aboneka bukeye.
Ibanga ririmwo uwo muhinga yarangirije ngo nuko abantu biga kwirekura, bakaryohererwa aho bageze, kuko ngo hari n'abatabifise ariko baba birekuye bakaryohererwa iryo banga.
Commentaires
Enregistrer un commentaire