Ubwo Drama t azishikayo??? Ico n'ikibazo twibajije tumaze kubona uwatumiyee Drama t mu giteramo yatanguye kwamamaza ko azokorera muri Canada, naho hataravugwa vyukuri umusi nyezina ico giteramo kizobera.
Uyu musore yari yaramaze kugira uburayi nko muhira, haheze imisi 3 atanguye kumenyesha abafana biwe bo muri Canada ko hari igiteramo muri ico gihugu, ngo bamwitege.
Uwo muririmvyi akaba ata vyinshi.arashikiriza kuri urwo rugendo, kuko bishoboka ko hakiri kare kugira agire ico abivugako, ariko amakenga yo arahari.
Ku bavyibuka, muribuka Mista Champagne AKA Wesho Wesho avuga cane ko abari muri Canada boba maso kuko bagiye kuja gukorerayo igiteramo. Bamwe bagatangura kuvuga ko hari amakenga menshi, ngo bishoboka ko atazojayo, abandi bo bakemeza ko atazohonyozayo ikirenge.
Ivyavuzwe vyahavuye biba impamo, uwo musore yahavuye asaba imbabazi, avuga ko bitagikunze ko yerekezayo.
Impamvu zashirwa imbere ngo kwari kubera umuntu ariko aramutegurira ico giteramo muri Canada. None uwo nyene ni nawe ariko ategurira ico giteramo Drama t. Ubu rero tukibaza nimba Drama t nawe atazohava agirwa nka Mista Champagne, ibintu bigaherera mu majambo, ubona ko kwabaye uguteguza abantu gusa, ataremeza ko yamaze gufata mu ntoke VISA yo muri ico gihugu, itanoroshe kubona.
Uyu musore nyene hampande y'ico giteramo akaba yanamenyesheje ku rubuga rwiwe rwa Instagram, ko muri uyu mwaka hari Project 2 nini azoshira ahabona, naho ata kindi yamenyesheje kuri izo Project.
Commentaires
Enregistrer un commentaire