Yamuremye Claude, benshi muzi nka Dr Claude, umuririmvyi w'indirimbo Contre Success akaba yigaraguye Barundi, ababwira ko atari umwe muribo, kuko abavyeyi biwe bose ari abaho.hirya ya Kanyaru. ivyo yabishikirije mu kiganiro yagiranye na Murindahabi Irene kuri MIE Empire.
Hampande yuko ico kiganiro carabwe n'abantu bake ugereranije n'abasanzwe baraba ibiganiro vya M. Irene, muri commentaire abarundi ntibamworoheye.
Tukiri kuri ico kiganiro, uwo mugabo yaberuriye ko atari umurundi na gato, ahubwo ko abavuga ko ari umurundi, ariko aba Contre succes.
Ukwo kumuvuga, akaba yaciye abifatanya n'ukuvugwa gukunze kuba Pr. Paul Kagame.
Dr. Claude yamenyesheje ko igituma bamwita umurundi ari uko yahavukiye gusa, nayahandi ngo n'umurundi 100% kuko abavyeyi biwe bose n'abarundi.
Dr. Claude yanavuze ko kera akiri i Burundi, ngo abantu yarababwira ko ari Umunyarwanda atari umurundi na gato.
Ibi bikaba bisa n'ibibandanirije ku majambo aheruka gushikirizwa n'abantu batari bake, bibaza nimba azohava asubira i Burundi, inyuma yo gusubiramwo indirimbo yiwe yise Contre Success, noneho agashiramwo amajambo ahayagiza umukuru w'igihugu c'Urwanda, mu myiyanamazo y'amatora y'umukuru w'igihugu, kandi vyavugwa ko ari umurundi.
Mu nyishu yatanze yavuze ko Ubwo burundi atazobusubiramwo, kuko aho ari ( nukuvuga mu Rwanda) ngo ari muhira iwabo.
Kuririmbira Imigambwe bikaba atari Bishasha, kuko mu matora aheruka i Uburundi muri 2020, ari mu baririmvyi bari bambaye umwambaro wa CNDD FDD, imbere yaho naho nyene bikaba bigugwa ko hari ayandi matora yo ku Rwanda uwo muririmvyi yabashije kuririmbamwo.
Naho we yashikirije ibintu uko avyumva, abarundi nabo ntibamworoheye kuko habonetse comment zitari zoroshe kuri urwo rubuga rwa Youtube rwa MIE Empire.
DR Claude bamwibukije ko atawanka kwonka nyina ngo agwaye amahere, bamubwira ko iki gihugu camureze ngo ariko arakivuga nabi kuko ubu kidahaze neza. None bamutega imisi, ngo imisi iraje igihugi kimere neza, ngo azogaruka yavura.
Abandi bo bakaba bamutahuye bavuga ko yajanywr n'ukurondera ubuzima ariko gituma agerageza kuvuga nabi igihugu kugira abashe guca amanota.
ku batabizi uyu mugabo akaba afise bene wabo, bo badahakana ko ari abarundi basanzwe bakora umuziki nabo nyene, abo nabo bakaba ari Nziza Desire abarizwa muri Amerika hamwe na Peter Niyo asanzwe yisumamwo mu Rwanda.
Aha mukamenya iyo ndirimbo yazanye ibibazo, ariyo RMX ya Contre Succes, imaze kurabwa n'incuro zirenga 400,000 kuri Youtube ya Alain Murarinda, ariwe nawe yabaye umu Producer wayo. uyu akaba ari Icababa c'umuvugizi wa Leta y'Urwanda, akongera akaba yarigeze kuba amanaginga abaririmvyi.
Commentaires
Enregistrer un commentaire