Floriane Irangabiye akaba ahawe imbabazi




Floriane irangabiye umumenyeshamakuru w'umurundi yaramaze imyaka 2 mu buroko, aho yariko akorera igipfungo c'imyaka 10 yarekuwe. 

Uyu mugore yararindiriwe na benshi mu barundi, akaba ahawe ikigongwe n'umukuru w'igihugu nkuko amakuru dukesha urubuga rwa Twitter rw'ibiro vy'umukuru w'igihugu abishikiriza. 

Abarundi batari bake na cane cane abakoresha imbuga ngurukanabumenyi nka Twitter, berekanye akanyamuneza kadasanzwe kuba arekuwe. 

Abo barundi bakaba bashimiye umukuru w'igihugu Evariste ndayishimiye kuri ico gikorwa c'umutima abakoreye. 

Ibinyamakuru bitandukanye vy'abarundi bikaba vyaciye vyandika iyi nkuru kuva iboneka kuri urwo rubuga. 

Naho akanyamuneza ari kose, amakuru dukesha ikinyamakuru Sos Media, nuko gashobora kwiyongera ku baryango b'abafunzwe bazira kugerageza guhirika intwaro muri 2015, kuko ngo mu muhango wo kubabarira abanyororo umukuru w'igihugu azotanguza kuri uyu wa gatanu i Muramvya ngo hashobora kubabarirwa na bamwe muribo. 

Naho wumva abanezerewe atari bake, n'abo riniga bo ntibabuze, kuko hari n'abatanguye kubishiramwo ubwoko, ko naho arukuwe ngo niyasubira inyuma y'igihugu ngo azoca asubira kandi kuvuga nabi igihugu. 

Abandi nabo bataraba ryiza Leta y'uburundi, bakaba bavuze ko ukurekura uwo muvyeyi ngo vyoba vyakozwe ku gitsure cashizwe kuri Leta y'Uburundi. Ubona ko amashirahamwe mpuzamakuru atandukanye aharanira agateka ka zina muntu bari bamaze gusaba irekurwa ryiwe. 

Floriane akaba ababariwe yarasanzwe afungiye mw'ibohero rya Bubanza, ariko akaba atari aho honyene yafungiwe, kuko yafungiwe mu mabohero atari make mu gihugu c'Uburundi. 

Commentaires