Bruce Melodie ngo Collabo ntiyari bukunde




 Aboubakar karume benshi muzi nka Sat-b arasubiriye kandi kwerekana ko ashaka gushika kure gusumba. 

Iyindi ndirimbo ya Sat-b yakwije Views 1,000,000 mu mwanya muto cane, ugereranije n'izindi ziwe zimaze gushika kuri urwo rugero. 

Iyo ndirimbo ni Je vais Bien, indirimbo yasohoreye Lyrics Video haraheze indwi 2, nkuko biboneka kuri Youtube y'uwo mugabo. 

Iyo ndirimbo ikaba ibaye indirimbo ya 6 ikwije izo Views, kuko iyifise nyinshi murizo, ari Beautiful yakoranye na Meddy, kandi nayo nyene ikaba ari Video Lyrics, kuko vyavuzwe ko Meddy yamwirengagije ngo bakorane indirimbo. 

Izo ndirimbo zose zimaze kurabwa cane zikaba ari iza kera kuko iya Vuba yasohotse haraheze umwaka urenga, iyo nayo ni Utamu yakoranye na Belle Nice. 

Vuba tukana tuzobereke ivyatumye Sat-b akwiza izo Views 1,000,000 mu ndwi 2 gusa. 



Ifaranga ngo ntaho ritarondererwa, ivyo nivyo biboneka kuri Mugani Desire akunze kwitwa Gikundirio canke Big Fizzo. 

Uyu mugabo ari mu baririmvyi bakurikiranwa cane mu Burundi ku mbuga hwaniro zitandukanye akoresha, akaba muri ino misi ashobora kuba ariko yegeranya amafaranga kuri rumwe murizo. 

Big fizzo muri kimwe mu biganiro yakoze, yemeje ko adapfa gusangiza foto izarizo zose ku mbuga zitandukanye akoresha, igituma ngo nuko aba ashaka gushiraho ivyiza gusa. 

Uyu mugabo ku bamukurikirana bagize imisi babona ko asa naho yijukiye gukoresha cane urubuga rwiwe rwa Tiktok. Uno musi urwo rubuga rukaba rumaze gukwiza abarukurikirana 65,000. 

Biramutse bibaye arivyo, uyu mugabo wa Manager wiwe, ashobora kuba yinjiye mu kirombwe kizomuha amafaranga atari make. 

Igituma nuko uwo mugabo muri uku kwezi kw'7 kwonyene yabashije gukora Video zababa 20, kandi zarabwe cane gose. 

Big fizzo akaba kandi ari mu gihugu kiri mu vyemewe na Tiktok kugira bibashe guhembwa mu gihe bamaze gukwiza ivyo isaba. 




Bwiza ngo yarakwiye gushimira Umuryango RPF Inkotanyi ku ndirimbo bakoranye, kuko ngo ntivyari bukunde vuba. 

Mu kiganiro Bruce Melodie yahaye Jalas, yavuze ko bitari bukunde vuba ko bakorana na Bwiza indirimbo, kuko ngo batari buronke aho bahurira. 

Uwo muririmvyi yagize ati : " FPR n'umuryango ku buryo impuza n'umuhanzi nka Bwiza, utaramara imyaka 2 akora. Tugakora igihangano cyiza nka Ogera." 

Yongeye ngo bari kumuhuza n'abo bangana, ariko ngo bashimye kumuhuza n'abo batari mu kigero kimwe. 

Bruce Melodie yavuze ko vyukuri ibibera mu muryango ari umuryango, ngo kuko indirimbo yiwe na bwiza ntivyari ivya vuba. 

Yagize ati :" Ntabwo ntekereza ko Projet yanje na Bwiza yari iri Vuba, ariko kubera ari umuryango, icyo kintu cyabaye Vuba kandi gitanga umusaruro ufadika."

Ibi bikaba vyaje bikurukira igisa n'induru cariko giterwa na Ddhumba aho yaburira Bwiza ko akwiye gusohora indirimbo, kuko Bruce Melodie we ari mu kazi, ngo nawe nakumbure ahaguruke akore.

Commentaires