Jason Derulo nawe ahambije abandi kwa Diamond Platnumz



Nasibu Abdoul Juma benshi bazi nka Diamond Platnumz asubiye kandi gukora hasi, none muri kano karere nta wuri buheme muri aya masaha ari imbere. 


Abatari bwasohore indirimbo, ari uwovahanura, bobanza bakazigumiza muri Studio, kugira igihuhusi Diamond Platnumz kibanze kirengane. 


Kuri uyu musi watanguye nk'iyindi yose, Nta wari yabiciye n'ikanda ko Diamond Platnumz yoba yasubiyemwo (RMX) indirimbo yiwe nshasha yise Komasava, indirimbo imaze gukundwa na benshi kuri iyi. 


iyo ndirimbo imaze kuzunguruka ahatari hake, ikanakorerwa Ama Challenge na benshi kw'isi, barimwo abahambaye nka Chris Brown, gushika ku wuciye bugufi atwara ikinga w'aho inyuma y'urugo, ihejeje gusohoka( kuri uyu wa 4) isubiwemwo na Diamond Platnumz ubwiwe, arikumwe na bamwe tutamenyereye bo muri Afrika y'epfo, hamwe na Jason Derulo, umuririmvyi akaba n'umutamvyi karuharirwe kw'isi. 



iyi ndirimbo gushika isaha 3 z'ijoro, akaba atawari bwamenye neza neza icinyegeje inyuma ya Challenge yari yabonetse mu gatondo ko kuri uyu wa kane, ya Jason Derulo. Bamwe tukaba twari twibajije ko bishoboka ko yoba ari iyisanzwe nk'imwe yakorwa na Chris Brown. 


Ariko, amakenga yo ntiyabuze kubera abantu bakoranye iyo Challenge. Abo basore bakaba basanzwe bazwi cane, Kandi bazwi ko badakorera udufaranga two kugura udukingirizo akavuze Mkombozi. 


Iyi ndirimbo nk'isaha 5 z'ijoro, ikaba izorabwa cane, dufatiye ku bwinshi bw'ama Views, urubuga rwa Youtube rwanse kurekura, rutabanje kuraba ko ari iz'ukuri. 


Akarorero gasanzwe nuko Likes zari kuri 'iyo zarenga 20,000 mu gihe Views zari zikiri musi y'6,000. Ibi bikaba vyerekana ko vyukuri iyi ndirimbo izokundwa cane. 


Iyi ndirimbo ikaba isohotse ata zindi ndirimbo ziwe yaraherutse gusohora, kuko iyaheruka gushirwa ahabona na Diamond Platnumz ni Komasava Audio, yari yasohotse haraheze amazi 2. 


Commentaires