Bruce melodie mu Kiganiro na Jalas, yavuze ko we adatinya abagerageza kumusenya, kugira babashe kwironkera amafaranga bahawe na Youtube kuko barabwe.
Ariko naho biruko, asaba abo ba Youtube avuga ko babikora kugira bironkere amafaranga gusa, batarevye igihimbo umuririmvyi azohava akura muvyo bariko baramuvugako, ko biraba bakikebuka, kuko hari abatari bake bavugwa rimwe bakaba barasenyutse.
Naho yabivuze mu marenga, uwo muririmvyi, yavuze ko hari abaririmvyi batari bake hano hanze batacumvikana mu miziki, kubera basenywe n'itangazamakuru ryo kuri Youtube.
Ivyo akaba arivyo bituma uwo muririmvyi ngo atabasha gukorana cane n'itangazamakuru muri ino misi, kuko hari abatari bake bavuga ibitabubaka, bamaze gukatira.
Commentaires
Enregistrer un commentaire