Asaba bimwe bagasaba ibindi




Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu c'Uburundi, Angelique Ndayishimiye, ahamagarira abarundi kubungabunga ibibanza vy'iratiro, Uburundi bufise. 

Ku rubuga rwa Twitter, rw'uwo muvyeyi, banditse bagira bati : "Amashuha ni ikibanza ciza kiri ku #Mugara mu ntara ya #Rumonge. Ni ubutunzi budasanzwe bw'igihugu cacu ciza c'Uburundi. Reka twishimire kandi dukingire ibibanza vy'iratiro dufise hano iwacu kuko ari itunga rusangi Imana yaduhaye."

Ayo majambo akaba yaherekejwe n'amashusho aho yabonetse nawe ariko aroga muri ayo mazi, bivugwa ko avura ingwara zitari nke nkuko bishikirizwa n'abanyarumonge.

Bamwe mu babashije kugira ico bashikiriza kuri ubwo butumwa umuvyeyi yashikirije kuri Twitter, bakaba basavye ko ico kibanza cokwitabwaho gusumba, kuko biboneka no ku ma foto ko ibikoresho bimwe bimwe bimaze kwononekara, gutyo bikaba vyotuma amazi yafatwa nk'ayavura, ahubwo ashobora gutera ingwara abagiye kuyoga.

Commentaires